homepage

Neymar agiye kubura gose mu kibuga

Neymar agiye kumara igihe kitari gito ataboneka mu kibuga, aka azize imvune batashimye kubaga nkuko gushikirizwa mw’itangazo PSG yatangaje.

Neymar Junior ngo ntagiye kuboneka mu kibuga c’umupira w’amaguru gushika mu kwezi kwa 4. Ivyo bikaba bihejeje gushikirizwa n’umurwi akinira wa PSG mw’itangazo bashize ahabona.

Uwo murwi ukaba wanamenyesheje ko uwo mukinyi w’umunya Brazil atazobarwa imvune y’ukuguru yagize kuri uyu 23 nzero. Ivyo ngo bikaba vyumvikanyweko n’abanganga noneho bikemezwa na Neymar ubwiwe.

Gushika muri kwezi kwa 4, uwo mukinyi atorohewe n’imvune muri uno mwaka ngo azoba amaze guhomba inkino zishika kuri 14 nkuko gushikirizwa n’ikinyamakuru l’equipe co mu bufaransa.

Mwokwibuka ko Neymar abarizwa muri uwo murwi PSG kuva mu mwaka wa 2017, akaba asa n’uwifashe neza naho kuva uyu mwaka wa 2018 utangura yagumye agira ikibazo c’ukuguma avunika buri kanya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686