BurundiEntertainmentkirundi

Ng’iki ikintu gihambaye Big Fizzo yaraye asavye Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye

Big Fizzo yaraye  avuze amajambo y’inkora mutima, yubaka kandi ateye n’ikigongwe, mu birori vy’ukugurura icese urumuri rw’amahoro.

Hari kumugoroba wokuri uyu wakabiri igenekerezo rya15 Nyakanga 2020,aho hari hasazwe hugururwa icese urumuri rw’amahoro mu gisagara ca Bujumbura ,umuririmvyi Big Fizzo arikuri podium yasavye Umukuru w’Igihugu n’abasanzwe barongoye igisagara ca Bujumbura ko boshiraho itegeko ryo kuvuza  umuziki ndundi haba mu bubare ,mu butambiro eka ahantu hose haba hakoraniye abantu benshi.

Akaba yagiriyeko asaba umukuru w’igisagara yarasigaye aho ko ubwo butumwa bwomushikirira Nyakubawa Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye banashireho itegeko ry’ukuvuza umuziki ndundi kuko ngo araziko abarundi bakunda umuziki wabo abawuvuza nuko batawubaha kandi umeze neza.

Yongeye asaba abamenyesha makuru ko bobashigikira batarinze kubasaba amafaranga canke bataravye nkunzi ngo “DUKUNDE IVYIWACU”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583