homepage

Ngo hariho icanzo Neymar yocamwo mu gusubira muri Barcelona

Mu gihe hari impari zikomeye kuri Neymar ku bijanye n’ugusubira mu murwi wa Barcelona ava muri PSG, ngo hari amahigwe uwo murwi ushobora kugira ugarukane uwo mukinyi wari wagurishije mu mwaka wa 2017.

Nkuko amakuru dukesha urubuga PSGTALK abivuga, ngo amahigwe uwo murwi ufise, n’agace ka 17 k’itegeko rya FIFA gashobora gukoreshwa kugira uwo mukinyi ahagarike amasezerano asanzwe afitanye na PSG. Ariko ako gace kakaba ngo kamaze gukoreshwa rimwe gusa.

Abahinga bakaba bavuga ko uwo mugwi udashobora kugakoresha kubera ngo gashobora gutuma basabwa amafaranga menshi gusumba ayo bari kwumvikana n’uwo murwi wa PSG. Ubona ko bari bamuguze imiliyoni 222 z’amafaranga y’amanyaburayi.

Ako gace k’iryo tegeko kandi kakaba ngo kadashobora gukoreshwa na Barcelona kuko bashobora kwisanga kabakoreshejweko (n’uwo murwi nyene) muri kazoza. Ivyo bikaba bica bisunikira uburongozi bwa Barcelone kuganiro na PSG canke bakibagira uwo mukinyi w’umunya Bresil.

Mukibuka ko uwo mukinyi agisigaje imyaka 2 muri uwo murwi, bikaba binavurwa ko hari n’ibiganiro biriko birakorwa ngo hongerwe amasezerano hagati yiwe n’uwo mugwi ufise mu ntoke n’abanya Qatar.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686