IKIRUNDI_news

Ni yangwara nyene isubiye guhitana uwundi muririmvyi

N’umubabaro udasanzwe kw’ishirahamwe ry’abaririmvyi ( amical des musiciens) no ku bakunzi b’umuziki.

Mu mwaka umwe babuze abaririmvyi babiri bahitanywe n’ingwara y’amafyigo
inyuma ya Karim Babel wo muri commune Buyenzi yapfuye yasinzikaye cane aho vyasaba ko yoja kuvurirwa hanze ariko umugambi w’Imana ntuharirizwa yahavuye aca yitaba Imana kandi n’uburyo bwo kumujana hanze bwari bwabonetse bwegeranijwe n’abantu batandukanye kubw’impuhwe bari bamugiriye.

Ni muri iri joro nyene itariki ya 17 Ntwarante Adolphe yamuka mu ntara ya Ngozi azwi kw’izina rya Diouf ubu tutakiri kumwe mw’isi y’abazima yafashwe bukebuke agenda arasinzikara ariko agerageza kurwara nk’umugabo narirya yari umuvyeyi yireranye ibibondo ahatari n’umukenyezi. Aho hose yaguma yivuza gushika aho yandikirwa ibipimo yokorerwa ariko yaguma arindira kubwo amikoro make.

Itariki 14 Ntwarante niho vyanse gose baramutwara ku bitaro vyitiriwe igisirikare (hôpital militaire). Baratangura gutarataza hirya hino barabe ko uburyo bwoboneka abaririmvyi nka T Max, Kaka Boney n’abandi…..uwutwara ishirahamwe ry’abaririmvyi Romeo barahaguruka bariyemeza kuri ivyo bitaro ko yovurwa ibisigaye bakazobabaza
ukuraba ko bokiza amagara yiwe bari babihagurukiye, ariko Imana ica iramukunda kuturusha

Indundi Magazine ikaba ihojeje umuryango wabuze na cane cane umuryango w’abaririmvyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036