homepage

Nigeria : Kurangurira ibanga ry’abubatse mu modoka mu vyateye impari mu gipolisi

Amakuru dukesha ikinyamakuru co mu gihugu ca Nigeria, avuga ko mu gipolisi hadutse impari ku kibazo c’urubanza rwocirwa abafashwe barangurira ibanga ry’abubatse mu modoka mu kibanza gihuriramwo abantu benshi.

Ayo makuru avuga ko abajejwe umutekano babiri M. Abayomi shogunle hamwe na CP Imohimin Edgal badahuriza kuri urwo rubanza, Umwe akavuga ko ari icaha gihanwa n’amategeko, ariko uwundi we akavuga ko ukurangura iryo banga mu modoka ata caha kirimwo, naho haraho gishobora kuba icaha.

Shongule akaba yavuze ko mu gihe abarangura iryo banga basangiye igitsina, bari mu modoka iri mu kibanza cegukira isengero mu gihe bariko barangura iryo banga canke harimwo umwana akiri muto -Mineur- muribo. Ico gihe niho bifatwa nk’icaha ariko ahasigaye ngo baba ar’abere.

Ariko mugenziwe Edgal we akaba atabibona uko kuko we avuga ko abafashwe barangurira iryo banga mu kibanza gihuriramwo abantu benshi kandi bari mu modoka, ngo igitabo c’amategeko mpanavyaha co mu gace ka Lagos kibahanisha imyaka 2 y’igifungo

Ivyo bikaba vyavyuye impari, inyuma yaho hari umugabo n’umugore bakubaguriwe muri Nigeria bahowe ko baranguye iryo banga mu modoka. Aho akaba ariho cavuye ngo Shongule abashe kwishura umuntu amubwira ko ata caha kirimwo mu gihugu ca Nigeria. Akaba yagiriyeko asaba ko uwoba yarakubaguwe ahorwa ico ngo yoheza agaca abimenyesha igipolisi.

Edgal akaba yahavuye nawe ashira ahabona ico amategeko avuga kuri ico gikorwa, aho akaba yashize ahabona mw’itangazo amategeko nk’ay’ 134, 136 hamwe 231 aho amwe ateganya kmufunga uwo muntu imyaka 2, ayandi imyaka 3. AKaba yaciye anagirako asaba abanya Lagos kutihendango bagende kubiri n’amategeko.  

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686