BurundihomepageIKIRUNDI_newssecurity

“Nta mugwi w’inkozi z’ikibi zifise umugambi mubi ku gihugu c’Urwanda”

Urwego rwo kwivuna abansi mu Burundi rurabeshuza amakuru avuga ko ku butaka bw’Uburundi hoba hari umugwi w’inkozi z’ikibi zifise umugambi mubi ku gihugu c’Urwanda. Rurabeshuza kandi ko hoba hari umurwi w’inkozi z’ikibi wavuye mu Burundi uja mu Rwanda.

Biri mw’itangazo rwasohoye kuri uyu wa kabiri, inyuma y’aho haciye amakuru ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko hoba hari umurwi w’inkozi z’ikibi wavuye mu Burundi, waguye mu mutego w’igisirikare c’Urwanda mw’ijoro ryo ku wa 23 Rusama, uca usubira mu Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717