Environnementhomepage

Ntahangwa:Abanyagihugu basaba ko inkombe z’uruzi Gikoma zokwubakwa

Abanyagihugu baba muri karitiye Carama muri zone Kinama komine Ntahangwa mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura basaba ko inkombe z’uruzi Gikoma zokwubakirwa, kuko muri kino gihe urwo ruzi rubangamiye inyubako zabo .

Abo banyagihugu baba muri karitiye ya Carama basaba ko inkombe z’uruzi Gikoma zokwubakirwa, bemeza ko muri kino gihe ziriko zirabomagurika ibeheza bikabangamira amazu yabo.

Abo baba ng’aho ubu bemeza ko muri kino gihe c’imvura ibintu bibandanya vyunyuka, bafise amakenga ko n’abana bakinira hafi y’ivyo bimanga bashobora kugira amasanganya.

N’ubwo biruko abo banyagihugu baba muri karitiye Carama barashima ibikorwa vyokwubaka urugomero rwo kuvomera imirima hongera hakingirwa inkombe z’urwo ruzi ku ruhande rwa karitiye Gahahe, bakabona ko ivyo bikorwa vyobandanya gushika no muri iyo karitiye ibangamiwe gushika ubu.

Abakozi b’ikigo ca Reta kiraba inyubako OBUHA ari naco kiriko kirubaka muri karitiye ya Gahahe bemeza ko ibikorwa vyabo bitegerezwa kuba vyarangiye mu kwezi kwa 12 umwaka wa 2023 ariko ko gushika ubu atarwandiko bararonka rubamenyesha ko bategerezwa kubandanya ivyo bikorwa gushika muri ico gice kindi kibangamiwe ca karitiye ya Carama.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686