homepage

Yatsinze igitsindo ciwe ca mbere mu murwi wiwe mushasha

 

Jean Claude Girumugisha inyuma yo kwimukira mu murwi ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Sudani  yabonye igitsindo ca mbere mu rukino rwa Kivandimwe rwabaye kuri uno wa Kane igenekerezo rya 02 Munyonyo 2023 .

Jean Claude Girumugisha yahora akinira umurwi Vital’o FC wo mw’ihiganwa rikuru ry’igihugu Primus Ligue Burundi, inyuma yaho agiriye mu gihugu ca Sudani yaheruka gukina urukino rwiwe rwa mbere muri uwo murwi Al Hilal S.C yinjiye agomboye.

Jean Claude Girumugisha yinjije igitsindo ciwe ca mbere mu rukino rwa Kivandimwe, aho Girumugisha yari mu bakinyi 11 bari batanguye mukibuga.
Umurwi Al Hilal S.C wariko uranganya igitsindo kimwe Ku kindi n’umurwi wo mu gihugu ca Ethiopie, La Banque d’Ethiopie.

Mwomenya ko Jean Claude Girumugisha mu mwaka uheze yakinira Magara young Boys ari naho yatsinze ibitsindo 16 aba uwa Kabiri mu batsinze ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa rikuru ry’igihugu Primus Ligue Burundi mu mwaka wa 2022-2023, akaba yagiye mu gihugu ca Sudani avuye mu murwi Vital’o FC akaba yakinye inkino nke cane muri uwo murwi uri mu kibanza ca mbere muri Uno mwaka w’inkino 2023-2024.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 683