IKIRUNDI_news

Nti bikiri ibanga vuba Murundikazi Kabatesi araja mu murwi w’abavyeyi.

Anick kabatetsi yamenyekanye cane kw’izina rya Murundikazi yakora impuzu z’ibiti hambavu yivyo akaba yari n’incuti cane y ‘abaririmvyi hakaba hari nabo yanabonetse mu ndirimbo (vidéo Clip zitari nke) bakunze kwita ( vidéo Queen).

Ukubura kwiwe mu gihugu vyabaye giturumbuka, uretse kwatawe yasezeye n’ ibikorwa vyiwe vyabaye nkibizimanganye gushika mu ntango z’umwaka wa 2021, kumukubita ijisho vyari nk’umugani.

Ibihe birahita biha ibindi , inkuru y’icamamare ntinyegezwa,
vyahavuye bimenyekana kwari mu gihugu c’Ububirigi,
Ku mbuga ngurukana bumenyi ziwe nka Facebook,Instagram….. arasubira araboneka .
Amafoto yiwe yerekana ko akuriwe
niyo yagaragaje kuri izo mbuga ziwe.

Bamwe mu bakunzi biwe bakabandanya bamukeza, nawe mu kanyamuneza kadasanzwe akavyemanga yongera ashimira Imana yoyo igira imushire mu bavyeyi

Indundi Magazine ikaba imwipfurije kuroranirwa
no kuramurira Uburundi n’amakungu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037