IKIRUNDI_news

Nti rukiri urukurukuru Isango Mkombozi azoshikira hano mu gihugu cacu ryamenyekanye

 

 

Mkombozi ni Umuririmvyi wumu rappeur yari amaze imyaka irenga 6 atabarizwa mu Gihugu ciwe c’amavukiro.

Ntiyari kure y’Uburundi ariko nubwo yaba mu bihugu bihana urubibe n’Uburundi nk’Urwanda,Ouganda,Tanzania ngo umutima wiwe warara i Burundi.

Ndetse naho hose akaba yagenda ahakorera ibikorwa vyiwe vy’umuziki.

Muri uyu mwanya akabari mu gihugu ca Ouganda akaba yatanze isango ryuko ejo igenekerezo rya 23 mukakaro 2021
Isaha icumi zumuhingamo n’iminota 45 azoba yageze ku kibuga C’indege citiriwe Ndandaye Merikiyoro

Nayo icoba kimuzanye n’igihe azomara akaba yayagiye uruganda rwa Indundi Magazine agira ati:”Ndaje muhira iwabo w’umuntu, hama ari iwabo ntiwobura ico uhakora igihe nzomara ntaconzi kuko n’igihe naja mu mahanga narinzi komara igihe gito ariko murabona ko natevye.”

Reka tumuhe ikaze gumana natwe vyinshi uzobimenyera ngaha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037