Entertainmenthomepage

Ntibagipima ingwara gusa ubu bafise n’ikigega c’amafaranga

Hambavu y’umwuga basanzwe bakora ujanye n’ugupima ingwara, abahurikiye mw’ishirahamwe ry’abize n’abakora mu gisata co gupima ingwara ANTEBBU buguruye icese kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2023, i #Bujumbura, Microfinance UMWITSA yo ku rwego rwa kane igiye kuza irabafasha mu kwiyungunganya mu bijanye n’uburyo bw’amafaranga.

Nk’uko bishikirizwa na Rémy Harabandi ajejwe igisata ca Gestion muri iyo microfinance, m’ukwuguruza ikonte muri microfinance #GROTEBBU_UMWITSA, abagize iryo shirambere ANTEBBU bariha amafaranga ibihumbi icenda n’amajana atanu (9.500Fbu).

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Emmanuel HAKIZIMANA arongoye akanaserukira imbere y’amategeko ishirahamwe #ANTEBBU, amenyesha ko akabirya iyo microfinance ifise ari uguteza imbere abanyamuryango uwufise umugambi yaburiye uburyo bw’ukurangura awurangure gutyo yiteze imbere, ateze imbere umuryango wiwe eka n’ishirahamwe naryo nyene ribandanye ritera imbere muri ca civugo c’umukuru w’igihugu “umunwa wose uronke ico ufungura n’umufuko wose uronke amafaranga“.

Mwomenya ko iyo microfinance yo ku rwego rwa kane yemerewe kujamwo abasanzwe bari mw’ishirahamwe ANTEBBU gusa ariko bakaba bizera ko bamaze kubona aho bageze bazosaba ko boduzwa mu kindi kibanza gutyo kizokwugururira imiryango abandi bose bazoba bipfuza kuyijamwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722