IKIRUNDI_news

Ntibazonkiza yagarutse inyuma y’umwaka wose ari mu gacerere

Muri iyi misi ibiri imwe mu nkuru zagumye zikwirakwizwa hirya no hino ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Instagram harimwo n’igaruka ry’umukinyi Saido Ntibazonkiza, inyuma y’igihe kitari gito ataboneka. Abatari bake mu bakinyi b’umupira w’amaguru bakomakomeye muri kano karere bamwipfurije igaruka ryiza.

Uwo mukinyi abarizwa mu gihugu ca Tanzania muri ino misi mu mugwi wa Yanga African Football Club, yabonye abantu bababa 5000 bamukurikira ku rubuga rwiwe rwa Instagram rushasha yashize ahabona. Abo bakaba babonetse mu masaha ari musi ya 48 arushize ahabona.

Bamwe mu babashije kugira ico bavuze kuri urwo rubuga, n’ukumufasha kugira abantu basubire bamukurikirana, harimwo Fiston Abdoulazak , Yannick Mukunzi, Saido Berahino n’izindi mbuga zo kuri Instagram zisanzwe  zifasha gukwirakwiza amakuru ya Sports nka Sports257 canke iz’ubuzima bw’abarundi muri rusangi nka Best of 257.

Uwo mukinyi akaba yaramaze hafi umwaka atabasha gukoresha urwo rubuga, naho izitari nke zari zaramaze gukorwa, aho zamwitirirwa, zimwe zikaba zimaze gukwiza abazikurikira barenga 10,000.Urwo yahorana twabashije kubona, akaba yarageze ku bagera ku 66,500 bamukurikira, kandi rukaba rwari rwamaze kuba Verified na Instagram.

Imvo n’imvano y’ukutabasha kurukoresha nkuko amakuru dukura mu bamwegereye abishikiriza, nuko uwo mukinyi ngo yoba yaratakaje akajambobanga (Mot de Passe) k’urwo rubuga, gutyo bigatuma atabasha kuyikoresha kandi.

@ntibazonkizasaidi akaba ariryo zina ariko arakoresha ubu, mu gihe kuri iyo yatakaye yahora akoresha izina rya @ntibazonkiza gusa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036