IKIRUNDI_news

Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye ngo niwe mbarutso y’iyandikwa ry’indirimbo Kora ya B Face

Ijambo riheruka kuvugwa na Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu cacu ngo niyo yabaye intandaro y’iyandikwa ry’indirimbo “Kora” ya B Face. 

Mu kiyago na Alan The Real, uwo muririmvyi yavuze ko amaze kwumviriza ikiyago umukuru w’igihugu yagiranye n’urwaruka rwisumamwo, ngo yumvise atoreka kumushigikira muri urwo rugamba.

Girukwishaka Boniface benshi bazi nka B Face ngo naho atari yahashitse kubera kurwara, ngo yahavuye akurikirana amasanamu yafashwe n’ibinyamakuru vyari vyahashitse.

Uwo muririmvyi muri ico kiyago na Indundi Tv, yavuze ko mu kwandika iyi ndirimbo, ngo yaranafise umugambi wo guhanura abantu Bose bafise ivyo bashitseko ngo ntibijajare kuko ibintu birahinduka.

” Hariho Abana benshi bavuka ahantu, ubona ko ataco abuze. Ariko mba ndiko ndagaruka ku mpanuro zimwe zimwe ku kuntu utokwama uteze amashi, umuvyeyi wawe ngo aguhereze ivyo ushaka, ahubwo umwiyegereze umubaze uti mwabishitseko gute? Kugira ejo nibaba badahari, uzumenye uko urondera, canke utunganya birya bagusigiye. Kuberako bashobora kubigusigira, usanzwe uri umwononyi, wamenyereye kurya, uguma urya dukeduke. Uriye ivyo basigaje, amahera yose Ari muri banke, uja ugurisha inzu, ejo ugasigara usaba indaro. Mba ndiko mpamagarira umuntu wese afise ico yashitseko, atokwijajara, kubera ibintu birahinduka.”

B face akaba yanaboneyeho akaryo ko kuvunira akagohe abaririmvyi ngo ntibahagarare ku bikomeye bakoze, kuko abafana baguma baraba abariko barakora, nabo s’ababuze kuko Abana bakora cane ngo bama bavutse.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036