IKIRUNDI_news

Nziza Desire yoba agiye gukorana Indirimbo na Bruce Melodie? 

Muri ino misi, abakurikirana urubuga rwa Instagram rwa Nziza Desire baguma babona amashusho atandukanye Nziza arikumwe n’ibihangange mu Muziki nyarwanda, iyiheruka yateje uruhagarara.

Ishusho ya Nziza Desire na Bruce Melodie yasangijwe ku rubuga rwa Instagram rwa Nziza Desire yahaye icizere abatari bake ko yoba ari Collabo iri hagati y’abo Bantu uko Ari 2.

Iryo shusho rikaba rije rikurikira iryari ryasangijwe abamukurikirana muri ino misi iheze, Aho yahura na Aline gahongayire, ho bakaba batandukanye bemeranije ko bazokorana Indirimbo muci uwo muririmvyi agarutse mu karuhuko.

Izo ndirimbo zikaba ziriko zivugwa inyuma y’iyo yari yavuze ko yamaze gukorana na Nina yahoze muri Charly na Nina, iyo yo ikaba Ari UMUYABAGA RMX. Iyo nayo nyene ikaba yaje inyuma y’iyivugwa ko yakoreye muri Tanzania aho yamaze imisi, naho itarashirwa ahabona.

Nziza akaba yagarukanye inguvu zikomeye inyuma y’igihe asa n’uwuri ku gacerere, imigambi avuga akaba yerekana ko ashaka gushikana ibikorwa vyiwe kure gose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037