IKIRUNDI_news

Olegue yoba yikanguye?

Muri iyo misi 2, uwo muririmvyi ashobora kuba yaronse akaryo keza ko kwifotoreza ahantu hasa neza I Kigali, kuko amashusho amaze kabiri asohora ntiyari bwabashe kuboneka kuri urwo rubuga rwiwe rumaze imisi iriko irababa 21 rutwarirwa mu Rwanda. 

Ivyo bibanza 2, bikaba bishobora kuba ari bimwe mu biri mu vyafatiwemwo amasanamu y’indirimbo yiwe nawa munyarwanda bakorana, kuko amakuru dukesha abanya Kigali nuko muri ino misi ariho hafatwa amasanamu y’iyo ndirimbo, kuko mu ndwi iheze ho niho hamenyekana ivy’uko binjiye kwa Element gukora akaririmbo.

Gushika ubu ayo mashusho amaze kabiri ashirwa ahabona, ari muri make yashizwe ahabona n’uwo muririmvyi yerekana ko abarizwa I Kigali. Ivyo bikaba bitandukanye n’ivyabaye kuri Big Fizzo muri Tanzania aho we ahubwo akaririro k’ugukoresha izo mbuga ariho kaciye kaduga gusumba.

None twovuga ko Olegue yagize ikibazo c’ukutaronka uwumuba hafi muri bwa buzima bwo mu mahanga? Abamujanye boba aribo batashimye kumwereka igisagara? Boba batabashije kumuha ibikenewe ngo abashe gusangiza abamukurikira urugendo arimwo? Inyishu z’ivyo bibazo ziragoye gutanga, kuko tutazi ivyo bari bavuganyeimbere y’ukwurira indege.

Ariko ico mwomenya nuko kuvyo twabashije kubona, abamujanye, yaba umuririmvyi canke Management yamuhamagaye I Kigali, bose bakaba ata gikomeye berekanye kuri Olegue ku mbuga ngurukanabumenyi zabo zikunzwe gukoreshwa mu kumenyekanisha ibikorwa vyabo, na rirya zibarizwako abarenga 350,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036