IKIRUNDI_news

Olegue ngo aje guhoza n’ukwiyegereza abakizwa mu ndirimbo nshasha yise Pasta  

Inyuma y’indirimbo Korayo itavuzweko rumwe n’abakurikiranira hafi amakuru y’umuziki ndundi, Olegue ngo azanye iyindi ndirimbo nshasha iyo nayo ikazoba ije guhoza n’ukwiyegereza abakizwa batahuje nawe, bahamvye abandi bo bahavuye bemezwa n’ivyakurikiye induru zitari nke. Ivyo nivyo yashikirije aho yaganira na SImbizi.

Muri ico kiyago, uwo muririmvyi avuga ko afise indirimbo nshasha yitwa Pasta agiye gushira ahabona. Iryo zina rikaba riri mu mazina yaheruka gushira ahabona kuri rumwe mu mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha, aho yabaza abafana izina ry’iyo ndirimbo.

Uwo muririmvyi kandi ahakaba hari n’amakuru avuga ko iyo ndirimbo yoba isa n’iyarangiye canke iriko iraherahezwa neza, ariko noneho hasigaye ko umusi ugera ngo ishirwe ahabona. Ariko bikaba bigoye kwemeza ko izohava ikwiza abantu 100,000 mu misi 7 gusa nkuko Korayo yabikoze.

Uwo muririmvyi Baraka Olegue akaba mu ndirimbo Korayo n’izindi yasohoye imbere y’izo yagirizwa kutaba afise amajambo mbabarira matwi, ahubwo adudurirako, ico abatari bake mu bahumure muri uwo muziki bavuga bitabereye, kandi ko bishobora kumukwegera akarambaraye.

Mwomenya ko Korayo buca ikurikirwa imaze kurabwa incuro zirenga 296,638 kuva igenekerezo rya 20/12/2020 ishirwa ahabona, nayo Doctor yari yasohotse imbere yayo mu kwezi kw’8 ikaba imaze kurabwa incuro 340, 176, ku rubuga rwa Youtube rwa Olegue ruharurwako abari hagati 14,900 n’15,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037