IKIRUNDI_news

Olenga Ismail ngo ntiyakirwa neza na bose kubera akazi ko gusiga abigeme akora

Ugusiga abakobwa n’abagore ngo n’ikintu camufashije cane, kandi yanabikoze ngo abashe kwibeshaho noneho biramuhira. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Olenga Ismail benshi bazi nka Olenga Make Up akunzwe cane muri ino myaka kubera gusiga abigeme.

Uwo musore wo mu ntara ya Bujumbura muri komine Mukaza avuga ko ako kazi yagatanguye kugira abashe kuriha amashure yashaka kwiga, kuko ayo mashure yasaba amafaranga menshi kugira wige. Noneho aca ahitamwo gufata uwo mwuga abatari bake bakunda ariko bikanka ko baronka uwubibakorera neza.

Olenga ngo abantu bose ntibamwakira neza, kuko hari abo bavugana kuri Instagram bibaza ko ari umukobwa, noneho bikarangira babonye ko ari umuhungu, bikabatuma bamwe badakunda ko abasha kubasiga. Ikindi ngo nuko bamwita umwe mu basanzwe baryamana basangiye ibitsina (Abapede) kubera babona ko akora akazi bibaza ko gakora abagore gusa.

Muri ico kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru Yaga Burundi, Olenga akaba atangazwa n’ukuntu badatahura ko hari abahungu basiga abigeme, mu gihe hari abasanzwe basuka, bakora inzara n’ubundi buzi bakunda guha abigeme.

Kubwa Olenga ngo umwigeme yisiga aka Maquillage ntaba ari umukobwa abona ko adasa neza, ahubwo ngo kubera umukobwa ari ishurwe, ngo Maquillage imufasha kugira bwa bwiza abantu bamubonako bubandanye buba bwinshi gusumba.

Mwomenya ko Olenga ariwe muhungu wenyene muri kino gihe yamenyekanye cane hano iwacu ku kintu kijanye n’ugusiga abigeme mu bihe vy’imanza. Akaba aheruka no kuboneka arikumwe na mushiki wa Diamond, aho ashobora kuba yari agiye kumusiga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036