Entertainmentkirundi

#Olga Lorie| Imvo zituma abaririmba mu ma Karaoke batasohora indirimbo zabo nyinshi

Ntaganzwa Olga Lorie umuririmvyikazi benshi bazi kw’ijwi ridasanzwe na cane cane mu guteramisha abantu mu ma Karaoke.

Yamenyekanye ubwambere mu murwi The Cousine warimwo abaririmvyi nka R Flow, Chany Queen, na Bamson, munya yaho aboneka umengo ntakiri muri uwo murwi akanaboneka cane arikumwe na Lolilo bahavuye nawe bamera nkuwo badacana uwaka arunguruza.

Ukurikiranye Ubuzima bwa Olga indirimbo ziwe nyinshi nizo yagiye akorana n’abandi (feat), maze rimwe na rimwe akaza aracishamwo asohora indirimbo yiwe haciye igihe kirekire.

Ico nico catumye indundi Magazine ishaka kumenya impamvu nyezina ibituma kuko atari Ntaganzwa we nyene bishikira.

Lorie akaba atarya umunwa aho avuga ko umwanya muremure bawumara bariko biga indirimbo z’abandi nayo gukora izabo akanya bakakiburira.
Mwo menya ko uwo muririmvyikazi mu mwaka wa 2015 yahavuye yungururiza mu mahanga aho yamaze imyaka irenga itatu ariko akorera akazi k’umuziki mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 550