IKIRUNDI_news

Pacy Etoile du centre asaba abubu kutaririmba ibishegu

Pacifique nzitonda ahanura abaririmvyi b’uru runganywe ko bakwiye guhagarika kuririmba ibishegu. Ivyo akaba yabishikirije mu kiganiro yagiranye na kimwe mu binyamakuru vya hano iwacu.

Uwo muririmvyi asanzwe anakora amasanamu y’indirimbo n’amareresi, avuga ko abaririmvyi bari bakwiye kumenya ko bishoboka ko umuntu aririmba neza atarinze kuririmba ibishegu. Uwo muririmvyi akaba yatanze akarorero k’indirimbo “Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi” y’umuririmvyi Kidum.

Yagize ati : “Bareke kuririmba ibishegu, urashobora kugira indirimbo nziza utaririmvye ibishegu, akarorero ubushikiranganji bwo kwivuna abanse, indirimbo iryoshe cane y’urukundo nta gishegu.” 

Uwo muririmvyi akaba abishikirije mu gihe uno musi abaririmvyi batandukanye baririmba cane indirimbo zumvikanamwo amajambo adahumuriza naho bagerageza kuyasiga ubuki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036