BurundihomepageIKIRUNDI_news

Parking mu gisagara ca Bujumbura zigiye kurihishwa

Mu gihe ikibazo c’ibibanza abantu basigamwo imiduga bagiye ku buzi kikiri umuzi w’ibuye mu gisagara ca Bujumbura, umukuru w’ico gisagara avuga ko bagiye bipfuza kuzoshiraho abantu abacunga umutekano w’iyo miduga, noneho beneyo bakabariha.

Ivyo uwo mutegetsi akaba avuga ko bazobishiraho kuko n’ahandi ntama Parking Public bafise, bafise ama Parking barihisha. “Ikibanza c’ama parking kiracatugoye, murabona ko igisagara ni gitoya cane gose. Nagomba tuzohave dufata dukora nk’abandi, abanyaburaya nta Parking public bafise, bafise ama Parking Payant. Twebwe tuzoshiraho abantu bajejwe kurihisha, akarere nkaka hariho imodoka ziparikinze, ziheze zirihishwe. Ariko kugirango turonke PARKING nyezina ahantu hamwe turunda imodoka, bizohava bitugora.”

Nayo imvo n’imvano y’ibura ry’ivyo bibanza, ngo n’uko ibibanza vyegukira Leta mu gisagara ca Bujumbura vyaga,nkuko yabandanije abiyagira bagenzi bacu bakorera insamirizi Bonesha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717