IKIRUNDI_news

Preeze ariko yegeranya ivyemezo vy’abariko bamukorera inteba ishushe

 Mu gihe bamwe bariko bamushigikira, abandi nabo bakamucira urwa Pilato, Preeze yobayatanguye kwegeranya inzandiko zose zanditswe n’aba na bariya kuriwe muri ibi bihe ariko yagirizwa icaha co gufata ku nguvu. 

Muri Storie yabonetse ku rubuga rwiwe Instagram, biboneka ko yari yakuwe kuri Snapchat, uwo muririmvyi yasavye abamukurikirana ko uwoba yarafashe Screenshot canke Video ya Laly Gomez amuvuga ngo yoyimuha kubera bikenewe cane.

Uwo muririmvyi akaba atatomoye neza ivyo yoba ariko arashakira ivyo yasavye abafana biwe, ariko muri zindi Storie zabonetse akaba yavuze ko amaze kuronka 2 zirimwo n’ijwi rya Lamez aho amuvugamwo.

Storie yabonetse yatanzweko akarorero na Preeze mu gusaba abantu ngo bamufashe, Lamez akaba yariko asa n’uwishura Preeze kuri bumwe mu butumwa yari yasangije abantu kuri Twitter aho yariko yerekana ko yakoraniwe n’abantu atazi, ari nabo bari inyuma y’ibiriko biramubako, aho yamwishuye amubaza igituma yoba yacaguwe mu bamota neza bose.

Mwomenya ko ivyo biri mu ruhererekane rw’amabuye ariko aramuterwa kuva hamenyekanye inkuru y’uwitwa Cubahiro yasangije abakurikirana Instagram ya Bestof257 avuga ko yafashwe ku nguvu n’umu star aba ku mutanga, noneho abantu batanguye guhererekana izina rya Preeze ko uwo avugwa ariwe yoba yarakoze ayo mahano. Ariko gushika ubu akaba ata numwe araboneka ashobora kuja ku mwitwarira mu bashika 10 bavugwa ko boba bakorewe amahano n’uwo muririmvyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037