IKIRUNDI_news

Preeze ariko yidandariza Urukurikirane Pandemic Vibes

Ibitari biherutswe hano iwacu, vyagarukanywe n’umuririmvyi Preeze36. Urukurikirane rw’indirimo Pandemic Vibes ntushobora kurusanga ku mbuga zigurisha umuziki, uwurukeneye ategerezwa kurondera uwo muririmvyi.

Nkuko yabishize ku rubuga rwa Instagram asanzwe akoresha, uwo muririmvyi yamenyesheje ko ata na hamwe zizigera zishirwa ngo zigurishwe, kandi no kuri Youtube hazoshirwako amasanamu y’indirimbo 2 gusa.

Twashatse kumenya uburyo zizogurishwa, uwo muririmvyi yatubwiye ko izo ndirimbo zizogurishwa buke buke ku muntu azipfuza, uwo nawe akaba azobanza kubarondera ngo bikunde aje bazimurungikire.

Igiciro c’izo ndirimbo 8, zirimwo n’inyongera y’indirimbo 2, zikaba zigurwa 50,000 fbu, nayo ku 100,000 ukaba uca uhabwa n’izindi zinyongera, mbere n’igice ca kabiri c’urwo rukurikirane.

Iyo ngendo ikaba itahahora, kuko abenshi uno musi birukira kuzishira ku mbuga zigurisha umuziki, ngo bikunde zibashe kudandazwa. Ariko we akaba avuga ko izo mbuga zibiba.

Mwomenya ko muri urwo rutonde rw’izo ndirimbo harimwo “Mwo” aheruka gushirira ahabona amasanamu hamwe namajwi ku rubuga rwiwe rwa Youtube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037