IKIRUNDI_news

Preeze ngo yahebeye abandi muri Platform show awards 2021

Preeze ari mu gitigiri c’abaririmvyi bari bashizwe mw’ihiganwa rya Platformshowawards 2021 mu gice ca Hip Hop/Rap, ariko yasavye gukurwa muri iryo higanwa.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Twitter hamwe na Instagram, yasavye abategura iryo higanwa gukurwa muri iryo higanwa, aho yamenyesheje ko ashimye guha amahigwe abandi baririmvyi barikumwe muri iryo higanwa, ukuyemwo umwe gusa.

Muri iryo higanwa asavye gukinjuramwo akaba yarikumwe mw’ihiganwa n’abandi bagenziwe barimwo, B Face, Fabelove, Kingorongoro na Kirikou Akili.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe aheruka gusaba bimwe mu binyamakuru bikorera kuri Youtube n’aba Youtubeur n’aba Bloggeur gukurako ibintu vyiwe bamwanditseko canke bamuvuzeko, akanabasaba kudasubira kugira ico bamuvuzeko.

Mwomenya kandi ko bije inyuma y’ibibazo agizemwo imisi arimwo aho ariko yagirizwa n’abantu batandukanye icaha c’ugufata ku nguvu, aho nawe ataretse kwerekana ko ivyo yagirizwa atarivyo kuko ari abashaka amafaranga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037