IKIRUNDI_news

Preeze yashimiye abamubaye hafi

Muri ibi bihe bitoroshe umuririmvyi Preeze arimwo arashima cane abo baba hamwe babashije kumuhamagara bakamuhumuriza nkuko yabashije kuvyerekana akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram biciye mu butumwa yashize muri Storie.

Yagize ati : “Big Thanks to All my oGz from Mutanga (Nord & South) appreciate the Msg & Call…”

Ivyo akaba abishikirije mu gihe buke buke abandanya yerekana abantu batandukanye abona ko baje kwisonga mu kumwagiriza icaha c’ugufata ku nguvu, mu gihe we abandanya avuga ko ivyo yagirizwa atarivyo na gato.

Mukibuka koi co gihuhusi catanguye kumuhuhutirako inyuma y’inkuru w’umuhungu yitwa Cubahiro yavuze ko yafashwe ku nguvu n’umu star aba ku mutanga, noneho Preeze ata kuvugwa n’abatari bake ko yoba ariwe yakoze ayo mahano.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037