IKIRUNDI_news

 Preeze yatanze ubutumwa buri mu ndirimbo 4 zasohokeye rimwe

Inyuma y’igihuhusi caciye ku muririmvyi Preeze 36, hasohowe indirimbo 4 zose z’uwo muririmvyi icarimwo aho harimwo ubutumwa bwose bugaruka ku bibazo yaragize imisi arimwo.

Muri izo ndirimbo 4 hakaba harimwo nka Don’t Judge me, aho yasavye ikigongwe abakunzi biwe, anibaza ico azobwira uruvyaro rwiwe umusi rwamubajije ico yazira. Ariko kandi akavuga ko atarakwiye gucibwa urubanza kuko muribo ata mweranda n’umwe arimwo.

“…Don’t Judge me murimwe nta mweranda numwe arimwo….. Sorry ku bafana banje naje si jewe ab’isi n’inyamaswa, mbega uruvyari rwanje nzorubwira iki umusi bazombaza, papa we wazira iki?…”

Iyindi yabonetse mu zasohotse ni Thank You, aho yashimiye abamubaye hafi muri ivyo bihe bitari vyoroshe, aho yagarutse ku vyemezo yerekanye ko hari abariko bamusaba amahera ngo ntibamwambike iceyi. Muri iyo ndirimbo nyene uwo muririmvyi avuga ko ata mwanya wo guta, ngo aba Fake friends nukwegeza hirya.

“…I Just wanna say Thank You… Nta bwoba na buke muntera, imbere y’Imana menya neza Ndera… ”

BVYC3 “Bayice” niyo yindi ndirimbo yabonetse mu gitigiri c’izo ndirimbo 4 zasohotse, aho yagarutse ku butumwa bivugwa ko bwatanzwe n’umwe mu bigeme bazwiko gutwenza cane, aho mu kiyago cumvikanye muri birya bihe Preeze yariko yagirizwa cane yavuze ko ico gihimba cocibwa.

“Bayice, ikaroti bayice, bayice, kukumba bayice, kubita amabate, zana umupanga dukate, tuyishire mu mukate, canke hamwe n’umurete, karisha, katakata mu bupande birashoboka, shirako ibirungo birashoboka , Fast food.”

Indirimbo yindi yabonetse muri ico gitigiri ni Umucece aho ubutumwa burimwo yavuze ko abamuteze imitego bayiguyemwo, none ngo bumva ubwoba.  Muriyo kandi ntiyaretse kugaruka ku bamubaye hafi aho abashimira.

Ku boba batavyibuka canke batabimenye, Preeze akaba yagirijwe n’abatari bake ku mbuga ngurukanabumenyi ko ariwe yafashe ku nguvu umwana w’umuhungu yatanze igishingantahe c’uburyo vyagenze ku rubuga rwa Instagram rw’uwitwa Bestof257, aho uwo muririmvyi nawe yaciye avuga akoresheje imbuga ngurukanabumenyi ko ari umugambi wateguwe n’abantu atazi babanje kumusaba amafaranga angana n’$800 ngo ntibamucafuze, ariko nawe akavyanka. Ariko gushika ubu hakaba hataramenyekana nimba hari aboba bamwitwariye kuko vyavugwa ko yoba atari wenyene kuko ngo ari benshi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037