homepageIKIRUNDI_newsUncategorized

R Flow aratanze umuco ku gituma akora ariko Ibikorwa vyiwe bidashigikirwa

R Flow ni umuririmvyi amaze igihe kitari gito mu muziki ndundi kuva mu gihe c ‘umuhisi Soso-k yari mu murwi Question – G.

 

Igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2022 R Fow akaba yari yatumiwe kuri Buja FM imwe mu ma radio asamiranira mu gihugu c’Uburundi.

Ikibazo cerekeye The Cousin umurwi yahoze akoreramwo akaba yabajijwe impamvu utakivurwa.

Yishuye ko umurwi ugihari ubu ari inkishirahamwe ariko abaririmvyi aribo batakihari aho twovuga nka Chany Queen Ubu asigaye akora ku giti ciwe, Bamso asigaye aririmba Gospel.

Ikibazo cuko R flow akora cane afise n’ijwi ryiza ariko ibikorwa vyiwe bitaduga binyengetere mu bantu akaba yishuye agira ati:<<Nkiva mu Rwanda nshitse mu Burundi narumvise muba promoter naba DJ ntashimye kuvuga amazina bavuga ko Génération ya kera bagomba bayikorore baduze Génération nshasha yamara ntivyanciye intege mbandanya nkora kandi ndazi ko umuntu adashimwa na bose hariho abashigikira akazi kanje kandi ivyo ndabibashimira.>>
Yarangije atera intege abaririmvyi bose bagenziwe ku bandanya bakora neza kuko mu myaka 3 ihere bari barasubiye inyuma ugereranije n’igihugu kibanyi c’Urwanda ariko ubu bariko baraduga ku buryo abaririmvyi bo mu Rwanda bavyemeza ko twateye imbere
yabasavye nimba bishoboka ko hotunganywa séminaire ihuza abaririmvyi n’aba promoter bavugane cane kukungene botezanya imbere bugurane ivyiyumviro ahatagenda neza bahatorere umuti, akaba yavuyeho
yemeye ibihumbi ijana (100.000 fbu),
asaba n’abandi bazovuge ayo bafise iyo séminaire itunganywe.

Nayo ku bijanye n’akazi kiwe inyuma y’indirimbo yiwe ” Ni fo sio fo” yakoranye na Kingorongoro ngo vuba arabaha iyindi ndirimbo azoba arikumwe n’umuririmvyikazi atashimye kuvuga izina.

Mu kubandanya tumurindiriye tubandanye tumushigikira kuri chaîne yiwe ya you tube n’inzindi mbuga ngurukanabumenyi R Flow.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 718