IKIRUNDI_news

R Flow ati kuberiki abandi baronka jewe sindonke?

Abarundi barayamaze ngo uwukuravye cane agutera kwambara, R flow ngo ivyo yahorwa muri kahise yari yagerageje arakosora. Aririmba mu Kirundi kandi akongera akanakora amasanamu y’indirimbo ziwe, ariko ngo nta cavuyemwo naho biruko.

Muri Video yasohoye ku muhingamo w’uyu wa mungu, uwo muririmvyi yumvikana yidoga bikomeye,ariko akidoga atumbereza agashavu kiwe ku basanzwe batanga ama Wards, ariko muri ukwo kubashavurira, akaba yabicishije ku bafana biwe, aho yasa n’uwubatuma ngo bamuvugire.

Muri iyo Video yashizwe ku rubuga rwa Instagram,  Kadjimunda Florin benshi bazi nka R Flow, yabajije abafana biwe nimba babona ata Awards akwiye mu gihe asigaye aririmba mu Kirundi kandi indirimbo ziwe zose anazisohorana amasanamu, nkuko bari babimusavye.

Muri iyo Video nyene uwo muririmvyi yibaza niba abatanga ubushime ku bakoze neza batabona ko akora, canke atabukwiriye, kuko ngo aguma abona abandi babandanya baronka ubushimwe ariko we ataco aronka.

Muri iyo Video kandi uwo muririmvyi avuga ko aha iwacu ngo ariho ha mbere baca intege umuririmvyi gusumba ahandi. Muri iyo myidogo yose, uwo muririmvyi yibajije nimba ata yindi ndirimbo nziza iraryohera abantu kugira abihererwe agashimwe, atari iyo yakoze haraheze igihe ariyo Sheba, aho avuga ko yayiherewe agashimwe na Bonesha Fm.

Ivyo uwo muririmvyi akaba abishikirije inyuma y’ubushimwe butari buke bwaheruka gutangwa burimwo ubwatanzwe na AJS hamwe n’akatanzwe na Isanganiro Awards.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037