kirundi_entertainment

Rally Joe: Agacerere yahoramwo kagiye gahagarara

Niyinzi Joe Rally niyo mazina yahawe n’abavyeyi akaba azwi kw’izina rya Rally Joemu mahiganwa atandukanye hano mu gihugu cacu yagiye aratahukana ubushimwe imbere y’abaririmvyi batandukanye.

Aho tuvuga Iiiganwa ritunganywa n’ishirahamwe Brarundi ryitiriwe Primusic ku ncuro ya mbere niwe yabaye uwambere,yongera aratahana isanganiro award na Ten in one Ihiganwa ryatunganijwe n’umuririmvyi Kidum naho yatahukanye ikibanza ca mbere imbere y’ibihangange mu muziki ndundi nka Sat B, Yoya,the cousin,……

ariko uko imyaka yagenda yabandanije akora birashimwa hagati yaho haza agacerere bisigura ko gusohora indirimbo nshasha bitari ikirenga niyo asohoye ntivyumvikane cane.

Rally Joe ubwiwe yivugira ko ibikorwa ari vyinshi abandanya akora ahubwo igihe co kubisohorera nico ataratunganya.

Mu kiganiro yakoranye na Indundi Magazine ngo mu mwaka wa 2022 tumwitege Ibikorwa nivyo bizokwivugira
isango yaduhaye akaba ari ku musi wambere igenekerezo rya 31Nzero 2022 azoshira ahabona indirimbo yiwe yise “Mariya”izanana n’amasanamu.

Tukaba turindiranye iryo Sango yaduhaye
tuje kuri youtube kurubuga akoresha kw’izina rya Rally joe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037