homepage

Reta niyo igena igihugu inkino z’umurwi nserukira gihugu n’iziyndi mirwi ziberamwo

Mu gihe abarundi batari bake bama biyumvira impamvu imigwi nserukira gihugu y’Intamba mu Rugamba itakirira inkino zayo mu gihugu c’Urwanda mugihe ari hafi cane y’Uburundi ikaja kwakirira mu gihugu ca Tanzania n’Ubuganda , inyishu y’ico kibazo yaraye imenyekanye.

Ariko yishura bimwe mu bibazo vy’abamenyeshamakuru mu kiganiro yari yatunganije kuri uyu wakabiri, uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Muyenge Alexandre yashikirije ko atari FFB ihitamwo kuja gukinira kure y’Uburundi, ahubwo ko ari igihugu giheza kikibarungika aho cahisemwo .

Umukuru wa FFB akaba yagize ati ’’ Twebwe si twe dutanga uburyo bw’umugwi nserukiragihigu Intamba mu Rgamba, ni igihugu. Ni ukuvuga ko igihugu kitubwiye kiti genda mukinire i Huye mu Rwanda, twebwe turagenda. Batubwiye bati’’ genda mukinire i Dar Es Saalam, turagenda. Batubwiye bati genda mukinire i Nairobi ni uko, aho batubwiye hose turagenda kuko baba babonye uburyo bafise. Twebwe natwe ntitwoca tubategeka ngo vyanka vyakunda tugomba tuje I Huye, nyene uburyo rero akubwiye jewe mbona wogenda gukinira i Tanzania ntaco uvuga, canke mu Buganda. Aho bazotubwira hose niho tuzoja, ntidutegeka Reta. ‘’

Intamba z’abigeme muri uno mwaka zakinye urukino rwa Gicuti n’umugwi nserukiragihigu w’Urwanda .

Uburundi bumaze kwakira Inkino zitarinke muri Tanzania , harimwo urukino rwa Cameroun , Namibia , Gambia , Gabon tutibagiye n’umigwi yaserukiye igihugu mu nkino za CAF Champions League na Confédération Cup nka Bumamuru Fc , Flambeau du Centre hamwe na Aigle Noir .

Izo nkino Uburundi buzakirira I Tanzania ku kibuga ca Benjamin Mkapa kiri I Dar Es Salaam bivanye n’uko budafise ikibuga mpuzamakungu cemewe na CAF hamwe na FIFA.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671