homepagekirundi_SportsUncategorized

Ikibuga Intwari kiramaze gukwiza ibisabwa na FIFA

Ikibuga Intwari kiramaze gukwiza ibisabwa na FIFA

Ikibuga c’umupira w’amaguru citiriwe Intwari gishobora gutangura gukinirwako mu mwaka wa 2024 atagihindutse.

Ibi vyatangajwe kuri uyu wa kabiri n’uwurongiye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muburundi FFB Alexandre Muyenge mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru kukibuga cutiriwe ubuhinga CTN kiri muri zone Ngagara mugisagara ca Bujumbura .Muyenge amaze imyaka ibiri aramutswa FFB . Yavuze kandi bimwe muvyo yaranguye muri uno mwaka wa 2023.

 

Muri ivyo ,harimwo inyubako y’ikibuga c’umupira w’amaguru Intwari, aho yashikirije ko ibisabwa vyose kugira ico kibuga cemerwe na n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA bimaze gukwira ibice 100%. Yavuze ko igisaye ari ibikorwa vyo guheraheza .

Akaba yagize ati : “mu bijanye n’inyubako novuga nti ikiduhanze ahanini twese n’ukubona ikibuga c’Intwari caheze tugasubira kwakira inkino zitandukanye muri kirya kibanza , Nobanza nkashimira kandi na Reta kubona yagumye irondera uburyo bwo kwubaka n’ubu ikibandanya ‘’

Yavuze kandi ko abahinga ba FIFA bagendeye ico kibuga incuro zishika kuri zitatu kugira ntihaze habe amakosa yotuma batwihinduka . Yagize ati: “Nk’ubu ikibuga aho kigeze tugeze ku bice 100% bisabwa na FIFA, mwarabonye ko hageze y’uko n’uwusanzwe arongoye FIFA atugendera mu ntumbero yo gutanguza umupira wo mu mashure (Football For Schools) ariko yarishikiye kuraba ibikorwa aho bigeze ‘’

Alexandre Muyenge avuga kandi ko FIFA yategetse ko mu kwezi kwa Ruheshi mu mwaka wa 2024 ico kibuga coba camaze kurangira .

Muyenge yavuze ariko ko abatsindiye isoko ryo gushira umusezero wa kijambere babwiye uburongozi bwa FFB ko bitokunda ko bashiraho uwo musezero mu kiringo c’imvura , ni ukuvuga ko ibikorwa vyari gutangura mu kwezi kwa Ruhuma 2024 hama bikarangira mu kwezi kwa Ruheshi umwaka wa 2024 .

FIFA ikaba yaremeye kuzoha ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB amatara , umusezero wa Kijambere , Groupe Électrogène izoba yatsa ayo matara hamwe n’intebe z’abakinyi bazoba bicarako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 832