homepageIKIRUNDI_news

Rihanna yambaye impuzu, bihindurira ubuzima uwuzikora

Rihanna yatumye ukwari ugupima bihinduka umwuga w’ukuri kuri Shanice Taylor, inyuma y’ukwambara umwe mu mwambaro uwo muvyeyi yari yakoze.

Abakurikirana imbuga ngurukanabumenyi za RIHANNA cane cane Instagram, baraherutse kubona ko uwo muririmvyikazi yashizeko ishusho yiwe yambaye agakanzu kagufi gakozwe mu nyuzi. Ako gakanzu, Rihanna yari yakaronse nk’akaganuke ku musi wiwe w’amavuko.

Uwamukoreshereje uwo mwambaro, n’incuti yiwe ya hafi yari yasabwe na Taylor ko yokwambara tumwe muri utwo duhuzu asanzwe akora, kugira arabe ko yoronka abaguzi. Abawuciye ngo inzira z’Imana n’igihumbi ntibabeshe, kuko inyuma y’ukugakunda, nawe urumva ko yaciye akoreshereza RIHANNA.

Uwo muvyeyi w’umwana 3 yaramaze amezi 7 gusa atanguye gukora utwo duhuzu, yagiye abona urwo rudandazwa rwiwe rwitabirwa n’abantu benshi kubera wari wambawe na RIHANNA, ariko kandi kubera iryo shusho rya Rihanna ryari ryashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi z’ikinyamakuru VOGUE.

 

Shanice Taylor akaba asanzwe akomoka hamwe na RIHANNA, I Barbade. Uwo muririmvyikazi akaba asanzwe akunda cane gushigikira ico kizinga asanzwe akomokamwo, mu mice yose itandukanye y’ubuzima bw’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686