footballhomepageIKIRUNDI_news

 Ronaldo Nazario aragabisha PSG

Uwo mukinyi wa kera wa PSG avuga ko kuba bafise umugwi witwa ko urimwo ibihangange atarico gisigura ko bazoca batsinda Ihiganwa rya Champions league. 

Mu kiyago yagiranye na DAZN yavuze ko uwo mugwi uno mwaka utazotahukana iryo higanwa bashashaye cane.

Muri ico kiganiro nyene akaba yavuze ko nabo bakiri muri uwo mugwi ngo batigeze batsinda iryo higanwa Kandi harimwo ibihangange. Kuko ngo kugira ibihangange ku rupapuro bitandukanye cane no kubikinisha.

Nazario bamubajije nimba hari ico yoba Asana n’umukinyi Mbappe, uwo mugabo yavuze ko bihari cane, kuko Mbappe nawe asanzwe Ari umukinyi akoresha ubuhinga bwinshi mu Mikino yiwe, ariko Kandi ngo naho ari muto ngo amaze gukora ibikomeye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807