kirundiSport

Rugby|Burundi: Ikibuga ca kijambere mu myaka 4 irimbere?

Kuri uno wa Mungu igenekerezo rya 14 Ntwarante ishirahamwe ry’umukino wa Rugby mu Burundi ryaramutse ritora indongozi nshasha zizoriserukira.

 

Albert Havyarimana yatowe ku majwi 100 kwi 100, mu migambi yashikirije harimwo kugerageza gutangura umugambi wo gusanura ikibuga co kuri tempête aho iryo shirahamwe risanzwe ritunganiriza inkino zitari nke,akaba yashimitse avuga ko bikwiye ko mu Burundi haba ikibuga cerekana ko hari urukino rwa Rugby.

Mu yindi migambi agiye gushira imbere , Albert yari amaze imyaka ine arongoye FBR ishirahamwe rya Rugby mu Burundi yavuze nk’umugambi wo kugira u Burundi umunyashiramwe akwiye w’ishirahamwe Ry’isi rya Rugby (Full Member of World Rugby).
Albert Havyarimana akaba agiye gufashanya na Oscar Nduwimana icegera ciwe , Celestin Mvutsabanka nk’umunyamabangamukuru ,Mugisha Yannick Umunyabigega ,Stella Gakima azorongora urwego rw’igisata ca Rugby y’abigeme.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 455