Environnementhomepage

Ruyigi:Imiririro ya Nyakanga iragisibije

Imwe mu mitumba ihanamiye ikiyaya ca Kumoso kirabangamiwe n’imiriro ya Nyakanga haraheze hafi ikiringo c’amezi abiri. Abanyagihugu bakavuga ko gushika ubu batazi abakora ivyo bagasaba abajejwe intwaro gufasha kugira iyo ngendo ihagarare.Uburongozi bw’intara ya Ruyigi buhamagarira abanyagihugu kwitwararika kubungabunga ibidukikije hanyuma bagashengeza uwo wese bobona ariko araturira.

Iyo miriro ya nyakanga imaze guhitana ibinyabuzima bitari bike hamwe n’amahegitare y’ibiti mukiringo c’amezi;ahabangamiwe n’inkimitumba ya Nombe,Runazi,Kanazi,Mugahamana,Birime hamwe n’imisozi ihanamiye ikiyaya ca kumoso.

Abanyagihugu baremeza ko batazi neza abakora ayo mabisha ariko ko bifashisha amase yumye kugira haze gufatwa yamaze gushika iyaja canke bikava kw’isanganya ry’abaturira ibiti baronderamwo amakara.

Abajejwe intwaro muri iyo ntara ya Ruyigi n’ubwo badasiba gusemerera ngo bareke guturira imisozi n’ubu baratera akamo ngo abenegihugu bo muri iyo ntara bitwararike kubungabunga ibidukikije harimwo n’isi ndimwa kandi barasabwa gushengeza umuntu wese afashwe muri iryo kosa.

Mu vyegeranyo bitangwa n’ikigo c’igihugu kijejwe gukingira ibidukikije vyerekanako mu mezi ya ruheshi na nyakanga imiriro ya nyakanga irandagata igahitana ibitari bike, akarorero kaho hagati y’umwaka wa 2010 na 2020 haharurwa amahegitari agera kuri 8000 yetemwe aratongorwa n’iyo miriro mu gihugu cose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686