BurundiEntertainmentmusic

S.E Evariste Ndayishimiye yagabiye inka zibiri Big Fizzo

Inka zibiri nizo Big Fizzo yagabiwe na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kumusi w’ubugeni .

Kw’igenekerezo rya 25 Mukakaro 2020, niho umuririmvyi Big Fizzo yubaka rukritsu na Edith Stein Kimana,  urubaza Big Fizzo yaboneka ko yarahimbawe cane gose kuko ahari akamwemwe kari kose.

Kuva bakiri kwakira umuhezagiro mw’isengero kwa Patiri gushika no mukibaza bafatiyemwo agatutu basangira n’incuti n’abagenzi baraho akanyamuneza kari kose.

Mu migenzo y’ikirundi iyumwana yubatse urwiwe harabaho kumugabira ibizomufasha kwubaka urugo rushasha aba atanguye .

Mugihe abataribake bariko baramugabira uwomuririmvyi Umukuru w’igihugu aciye ku ntumwa yari yarungitse muri ivyo birori vyu rubanza akaba yamugabiye inka bihembe zibiri .

Abakunzi b’umuziki bamaze kumva ko Nyenicubahiro umukuru w’igihugu yagabiye inka uwo muririmvyi barakengurutse cane kubona abaririmvyi basigaye baterwa iteka mu gushigikirwa cane muvyo baba bariko  barakora bigatuma bagira ingoga zogukora cane maze Uburundi bwabibarutse bakabuhesha iteka mw’iterambere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 446