homepage

Saidi Ntibazonkiza yatandukanye n’umugwi Simba Sc

Umukinyi w’umurundi asanzwe akina mu gihugu ca Tanzaniya ari nawe asazwe ari kizigenza w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza, inyuma y’umwaka n’igice  akinira umugwi Simba sc yahinduye umurwi .

Inyuma y’urukurukuru rwari rumaze imisi ruca ahantu hantandukanye ruvuga y’uko Kizigenza w’intamba mu rugamba atagiye kubandaniriza muri Simba Sc , Kuri uyu wa kabiri Igenekerezo rya 18 Ruheshi 2024 , urukurukuru rwabaye inkuru , umugwi Simba Sc wo muri Tanzania wanditse y’uko umukinyi w’umurundi Saidi Ntibazonkiza atakibarizwa muri uwo mugwi inyuma y’umwaka n’igice .

Saidi Ntibazonkiza avuye muri uwo mugwi mugihe ariwe yarangije ihiganwa rya NBC Premier league ry’umwaka wa (2023-2024) ariwe afise ibitsindo vyinshi kurusha abandi mu mugwi Simba sc , ibitsindo ( 11).

Mu mwaka w’inkino wa 2022-2023 niwe yarangije ihiganwa rya NBC Premier league afise ibitsindo vyinshi kurusha abandi aho yanganya ibitsindo na Fiston Kalala Mayele yahora akinira umugwi Young Africans Bose binjije ibitsindo 18.

Ku myaka 37 afise , ariko aronderwa n’iyindi migwi yo mu Rwanda hamwe na Tanzania .

Saidi Ntibazonkiza niwe mukinyi wa mbere yakina mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Tanzania amaze gukina mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Ubufaransa .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686