kirundi_entertainment

Sat-B abakunzi biwe babona ko Hug me ni vidéo y’umwaka

Ururimbo rwiwe Hug me rwaje ruherekeza izindi ndirimbo ziwe 2 zimaze gukwiza umuriyoni w’abarukurikiranye kuri youtube .

Ni umuririmvyi twovuga ko ari uwambere mu Burundi ku mbuga ngurukana bumenyi akurikirwa cane,
n’ikimenya menya aheruka no kuronka agashimwe gatangwa na youtube gahabwa umuntu yakwije abantu ibihumbi ijana bamukurikirana.

Uko bibonwa n’abakunzi biwe bavuga ko babona ko Sat -B yari guhabwa agashimwe ka vidéo nziza y’umwaka,
aho ni igihe yahawe na Platfom show agashimwe ka best male artist,
agashimwe ka best vidéo of year kakaroswa Big Fizzo.

Biciye kuri commentaire Sat -B yanditse Hhhh ahereza naka emoji gasigura kuberiki,

bamwe bagerageje kw’ishura kuri ayo majambo yiwe bamutera intege ko ibikorwa vyiwe arivyo vyivugira ngo nabandanye atera imbere niwe yarakwiye ako gashimwe ka vidéo nziza y’umwaka,
abandi ngo ntagaye ababikoze kurya barafise impamvu babonye kwatariwe agakwiriye.

Tubibutse ko n’indirimbo yiwe your day yatanguje umwaka ibandanya iriko iraduza abantu baguma bayiraba,
Kandi KO uwu mwaka yatwemere kwagiye kurekura album yiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036