homepage

Sat-b asaba abantu kwiyamiriza Wanda

Wanda ngo ariko ashaka gusambura ivyo Sat-b yafashe imyaka itari mike ariko arubaka, afashijwe n’aba fana biwe. Akaba asaba abamenyeshamakuru n’abafana gusidukana n’iyonka mu kumwiyamiriza.

Mu gihe bamwe bamufata nk’inkwezi y’ibibazo biri hagati yiwe, Dj Paulin na Wanda Boy, yasubiriye gutera akamo abakurikiranira hagufi umuziki ndundi ngo bamufashe kwiyamiriza Wanda Boy.

Muri Audio yumvikanye tutarabasha kumenya igihe yafatiwe canke uwo yari irungikiwe, uwo mwanditsi wa Passion yumvikana asaba abakunzi b’umuziki ndundi gusidukana n’iyonka bakiyamiriza Wanda Boy Heros.

Sat-b agasaba ko Wanda bamwiyamiriza kubera ngo yoba ari umugizi wa nabi ashaka kwonona ivyo Sat-b yamaze imyaka itari mike yubaka.

Muri iyo Audio nyene, yumvikana avuga ko nka hamwe indirimbo yakoranye na Meddy yokurwamwo amajwi yiwe noneho hagashirwamwo aya Nelson b ngo hazoba harimwo ukwononera kazoza uwo muririmvyi akiri mushasha. Ico yishimikiza ngo nuko iyo ndirimbo yoba yaramaze gufatirwa Copyright ngo nta hantu na hamwe izoba ikigiye. Ikizira ho ni kuri Youtube.

Ivyo Sat-b akaba abishikirije mu gihe hari uruhagarara hagati ya Wanda na Paulin kuko umwe avuga ko ashobora kujana umukozi wa mugenziwe imbere y’ubutungane, mugihe iyo ndirimbo yosohoka atagishijwe inama.

Mwomenya ko Sat-b ritari irya mbere avana n’abasahiri biwe hakumvikana induru zitari nke. Tukaba tuzobigarukako hanyuma

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686