Entertainmenthomepage

Sat-B baramuhakije ngo ntiyokundwa muri Tanzania

Naho Sat-B bamufatiye hejuru aho yerekana Bajaj iriko izina ryiwe, bakamubwira ko ari ibintu bisanzwe ahandi we ariko abigira ibintu bikomeye, uwamushize kuri iyo Bajaj we yavuze ko urukundo amukunda ngo arirwa rwabiteye.
Abavuze ngo intumwa ntiyemerwa iwabo ntibabeshe, Sat-B abamukurikirana Kuri Facebook ntibamworoheye kubera amashusho yashize ku rubuga rwiwe rwa Facebook, aho yerekanye Bajaj ikorera muri Tanzania yashizweko foto yiwe.
Uwo muririmvyi ayo mashusho ayashira Kuri Facebook, nta majambo akomeye yanditse, ahubwo yanditse mu giswahili Ati :” Boda Boda Dar es salaam, Tanzania, See You”. Ariko ayo majambo ashobora kumuhaga.
Abatari bake mu bashika 400 bagize Commentaire bamubwiye ko ivyo akoze ari ibidakorwa, kuko ngo gushirwa Kuri iyo Bajaj ari ibintu bisanzwe, bamubwira ko aba Tanzania babashirako ari benshi, ariko ngo ntaco bavuga.
Abandi nabo barimwo umumenyeshamakuru w’umurundi akorera RFI mu gisata cabo c’igiswahili Billy Bilali, nawe yamukosoye ko iyo ngendeshwa atari Boda Boda ariko Ari Bajaj. Ariko nticabujijwe ko ashigikirwa n’abandi batari bake.
Nayo abandi bo bakavuga ko bidashoboka ko yoba ari umu Tanzania yabikoze, ngo uwo ashobora kuba ari Umurundi akorera muri Tanzania, canke nyene iyo Bajaj ari Umurundi, akaba arico gituma hashizweko Sat-B.
Naho uwo muririmvyi atari yorohewe muri commentaire, habonetse muri Commentaire, umusore avuga ko ariwe nyene iyo Bajaj, uwo nawe akaba yavuze ko igituma yashizeko uwo muririmvyi ngo ari kubera amukunda.
Nkuko twabashije kubibona Kuri Facebook yiwe, akazina kariko, akaba yarongeyeko izina rya Sat-B, kuko yitwa Aloni Sat-b. Akaba mbere Kuri urwo rubuga ariho yashize nawe amashusho y’iyo Bajaj, ifiseko ama FOTO 2 y’uwo muririmvyi.
Uwo musore yabonetse ko yitwa Aloni, akaba asanzwe ari umufana w’abaririmvyi b’abarundi, kuko habonetse Kuri urwo rubuga rwiwe rwa Facebook, ishusho aho yariko aririmba Indirimbo ya Olegue.
Ubu rero impari zikaba ari zose ngo hamenyekane nimba Sat-B akunzwe muri Tanzania, kuko mu mwaka uheze, Diamond Platnumz yari yamenyesheje ko abaririmvyi b’abarundi ata bushobozi bafise bwo kwinjiza Indirimbo zabo muri Tanzania, ngo aho bagerageza gushika ni mu Rwanda gusa.
Aha mukibuka ko Sat-B yigeze kuja agashika 2 muri Tanzania, aho rimwe yari yahamagawe na Harmonize ngo aje kuririmba mu giteramo, ariko ikindi gihe akaba yari yajanywe n’ugukora Media Tours, ivyatumye agaruka agahindura ibitari bike mu buryo yabona ibintu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722