IKIRUNDI_news

#Sat B| Ikinyobwa Cambiye (waragi)kirateye induru mu banye dini

Mu gihe asigaye ari umuserukizi wa Crown Royal ishirahamwe risanzwe rikora Ikinyobwa Cambiye mu bwoko bw’ama liquer( waragi).


Sat B yatowe ngo abe Ambassadeur yemererwa niryo shirahamwe ibintu bitaribike harimwo nko gukorerwa collabo mpuzamakungu,kugurirwa umuduga w’agaciro n’amafaranga batashimye kuvuga,azoronka ku kwezi ku kwezi
kugira baheze bakorane bafashanye kw’imenyekanisha ibinyobwa vyabo.
Sat B asanzwe afise ukwemera kuri mw’idini rya Islam benshi bazi ko ritemera Ikinyobwa Cambiye, amasezera nayo akaba yarahuriranye nuko bari mu mafungo y’ukwezi kweranda kwa Ramadhani ibitamubujije ko aguma yamamaza ibinyobwa vyiryoshirahamwe kumbuga ngurukana bumenyi zose asanzwe akoresha.
Aho benshi bibaza bati mbega idini riraheza rikamwakira neza nkumwizera wabo?

Ku mbuga ngurukanabumenyi bikaba vya vugushije benshi ndetse bikanabonrka ko batabibona.

Bamwe bakagira bati:”Ni bamureke y’ikorere idini ry’umuntu n’umutima wiwe.”

Abandi bati:”Ni gutukisha idini rya islam.”
Aho nimugihe hari hagararagaye ifoto yiwe kumbuga ngurukana bumenyi igihe bari baramutse basozera amafungo, SAt B akaba yifadikanije n’iryo shirahamwe nyene aho yashoboye kw’ipfuriza i Laidi nziza( Eid Mubarak).

Mu gihe amasezera yiwe azomara imyaka itanu ununtu aribaza ko azohava ayaguza Idini cangwa azoguma araba Imana yazanye ubwo bugari, agakora akazi ku buserukizi neza nkuko tavyiyemeje.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,020