IKIRUNDI_news

Sat-b na Rayvanny nibo bonyene bazoboneka mu rukurikirane Love like this rwa Bahati

Inyuma yaho Natacha yitabajwe na Roberto, ubu naho ni Sat-b yashizwe muri Album Love like This ya Bahati, hamwe na Rayvanny abarizwa mu minwe ya Diamond Platnumz.

Urwo rukurikirane Sat- b yabonetseko, rukaba rugizwe n’indirimbo 10, zibonekamwo abaririmvyi 3 bakomakomeye muri Africa y’Ubuseruko, barimwo Sat-b, Bahati hamwe na Rayvanny. Abo baririmvyi 2, bakaba baririmbanye indirimbo imwe imwe, Sat-b akaba yaririmbanye nawe iyitwa Sweet Darling, nayo Rayvanny bakaba baririmbanye iyitwa KISS.

Izo ndirimbo uko ari 10 ntawuzi ko zizobona zose amasanamu, ariko imwe murizo ariyo Pete Yangu yaririmbanye na Nadia Mukami yo ikaba yaramaze gukorerwa amasanamu, akaba yaramaze gushika no ku rubuga rwa Youtube.

Izo ndirimbo uko ari 10 zikaba ubu zishobora kuboneka ku rubuga rudandaza umuziki rwa BoomPlay gusa, ahandi zikaba zitarajako, nkuko uwo muririmvyi yabimenyesheje, kuko urwo rubuga rushobora kuba rwamusavye ko aribo bobanza kuzironka gusa imbere yuko abandi bazikozako iminwe.

Ivyo bikaba vyerekana ko abaririmvyi ndundi batanguye kwizerwa hirya no hino, gutyo ejo tukaba  dushobora kuzosubira kubona abaririmvyi ndundi bahamagarwa mu biteramo bikomakomeye muri kano karere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037