IKIRUNDI_news

Sat B ngo kari agasuzuguro ubu ni Mkombozi

Haheze imyaka 3 n’amezi 5 indirimbo feel love ya Sat B iri kuri YouTube, hari kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 04,ndamukiza yagaragaje umunezero afise mugukwiza 1000000 vyabayuravye.

Biciye ku rubuga rwiwe rwa Facebook yavuze ngo agasuzuguro ko kuguma inyuma y’abandi Ubu ngiye kuba Mkombozi bisigura kwagiye guserukira abanyabuhinga bave mu menyo y’abatwenzi, ngo umurundi wese ahari yishimire itsinzi.

Kw’idandaza biciye ku rubuga ngurukana bumenyi vyari nk’umuzi w’ibuye ku banyabuhinga bo mu Burundi, nubwo biri uko hariho abadansinzira batanguye kw’igaragaza mu guhamagarira abantu barabe ibikorwa vyabo.

Sat B ubu hoho yaje n’umuvuduko udasanzwe kuvaho agendeye mu gihugu kibanyi ca Tanzania agasanga bari kurugero rurenze mukurabwa n’abantu benshi bituma bashobora nokwinjiza aka noti.
Bamwe mu bamenyeshamakuru baramweretse agasuzuguro ku bikorwa vyiwe bitarabwa Kandi yitwa kwari umuririmvyi akundwa mu gihugu cabo

Ati ibitaguhitanye biraguhitaniriza ni nyuma y’ururirimbo yaririmbaye na Meddy ava mu rwanda rukwiza 1000000 ubu naho ururirimbo rwiwe bwite feel love rurakwije 1000000.
ku bwiwe ngo iyo n’intango arabandanya ashiramwo inguvu.

Indundi y’iwacu abaririmvyi b’iwacu
tugire ahotuba twubahwe mu vyacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,021