Entertainmentkirundi

Sat-B ngo mu Rwanda bamufashe nka Lengend

kwibwira ko Sat-B yoba yarashishuye ku ndirimbo y’abaririmvyi bariko barakora neza mu Rwanda, na cane cane mu mudiho wa RAP. bafatiye Ku ndirimbo yise ”Mbese Urabizi ya Chriss Easy na Producer EoBeat vyatumye hakorwa igikorwa Bise Izina Remix.

Abicishije mu kiganiro yakoranye na Indundi Tv Sat-B yabajijwe impamvu nyamukuru yatumye bakora IZINA Remix yagize ati:

“Indirimbo ”izina narayikoze bavuga ko nashishuye ku ndirimbo mbese Urabizi? Nanje nti si nigeze nshishura kandi nubu ndabisubiyemwo Sinigeze nshishura ariko Chriss Easy na Mugenziwe berekanye ishaka, berekana ko bipfuza guter’imbere maze bagira inzira bacamwo kuko ba mfata Nka Legend.

Nanje numva iciyumviro Cabo, ndacemera ariko ndababwira ko ngomba gushiramwo aba Raperi babiri bab’Abarundi nabo baravyemera.”

Sat-B akabandanya ati:

“Ugukora Izina Remix nkashiramwo Fabelove s’ikindi cipfuzo nashaka gushikako ahubwo ntakintu kiriko kirampimbara nko Kubona Fabelove uno musi ariko aravuzwa I Burundi no Mu Rwanda, gutyo nkaba ndiko nshika ku cifuzo canje, haba mu bana ba Empire Avenue n’abatari muri uwo muryango ariko bagafatwa nk’abanyanuryango kuko intego ari ”Ivyiwacu Imbere.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 550