IKIRUNDI_news

Sat-b ngo ntari wenyene kuko Berry Music na Olegue nabo bari inyuma yiwe  

Inyuma yaho turonkeye Views zirenga 1, 200, 000 mu mezi adashika 3 ku ndrimbo ya Sat-b na Meddy, abaririmvyi b’abarundi babandanya batera baja imbere mu bijanye n’ugukurikiranwa cane ku rubuga rwa Youtube ruri muri 2 zikurikiranwa cane kw’isi.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 4 ntwarante(3), urubuga rwa Instagram Burundi Hot Song rwakeje abaririmvyi 2 barimwo Olegue batazira Urwego hamwe na Berry Music ku yindi ntambwe babashije gutera mu kuronka Views zitarabasha kuronkwa n’urunganwe rushasha mu mwanya muto.

Mu kiringo c’ukwezi kumwe gusa, Berry Music yabashije gukwiza Views zirenga 100,000 ku ndirimbo yiwe nshasha yise Tonight yashizwe ahabona mu kwezi kwa 2 igenekerezo rya 6. Ako karirimbo kakaba karakunzwe n’abatari bake kuko nko kuri urwo rubuga abarenga 3,700 bamaze kugira Like hamwe na Commentaire zirenga 600. Angelina yasohotse imbere yiyo ikaba igeze kuri Views zirenga 277,000 nayo Melana yatanguriyeko igenekerezo rya 24 ruheshi(6) muri uyu mwaka wa 2020 nyene ikaba igeze kuri Views zirenga 112,000.

Nayo Olegue akaba amaze gukwiza Views 300,000 ku ndirimbo Korayo yavugishije abatari bake, aho babona ko amajambo arimwo atarabereye gushirwa mu ndirimbo, ariko yarakwiye guhinyanyurwa. Ayo ma Views nawe akaba ayakwije mu kiringo c’imisi 75 gusa. Aho ni mu gihe Doctor yari yasohoye imbere yiyo nayo igeze ku 341, 592.

Ivyo bikaba vyerekana ko urwo runganywe rushasha muri kino gihe ruhari ruriko rukora ibikora inka mu mihingo itandukanye, aho rumaze kuronka n’amahigwe yo guserukira Uburundi mu mahiganwa aca ku nsamirizi mpuzamakungu nka RFI, canke imboneshakure zo muri kano karere, biciye mu biganiro bikomeye cane bisanzwe bica muri ivyo binyamakuru.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036