homepage

Sat-b ngo yararenze inzego mu guhangara Lolilo

Sat-b yararenze inzego mu guhangara Lolilo, kuko uwo ngo n’inararibonye 

Mu gihe Satb na Lolilo muri kino gihe basa n’abatavuga umwe, Sat-b yatanguye kugira ico abwira n’aba na bariya kuri ico kintu yakoze. Bamwe mu bagize umurwi Over do akaba aribo bafashe iya mbere mu gukora aka Video aho bamwifatiye mu gahanga, ariko bakagirako banasaba imbabazi.

Muri iyo Video imara iminota 2, bavuga ko bemera Sat-b nka mukuru wabo kuko yatanguye kuririmba bataranavyiyumvira, ariko bakaba bagiriyeko bavuga ko kwifatira Lolilo mu gahanga ngo ari ukurenga inzego.

Abo bakavuga ko nimba boba bavuganye na Lolilo kugira bakore show biz ngo nta kibazo, ariko ngo no mu buzima busanzwe ni nkaho vyoshika. Bakaba bamubwiye ko ukugiriranira beef na Lolilo canke na Fizzo ngo ntaho bishikana umuntu kuko ngo abo ari inararibonye, kandi bamaze kurengana bobo.

Mukibuka ko ukwanka kwa Lolilo kuramutsa Sat-b kwoba kwari ukumusubiriza mu nkoko kuko ngo yamututse aramwambika ibara nkuko yabishikirije ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha.  

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686