IKIRUNDI_news

Sat-b ngo yoba afise ubwoba ko iyindi itazoshika aho Beautiull  yageze

Mu gihe bizwi ko hari indirimbo nshasha ya Sat-b iri mu nzira, uwo muririmvyi yanditse mw’ijoro ryo kuri uyu wa 5 ko buca haduka intambara mu babanyi, abo akaba ashobora kuba ari muri Bantu bwoy, aho avuga ko iyo ntambara izoba ihagaze ku majambo, ku kanovera k’indirimbo n’ibindi.

Sat-b akaba yanamenyesheje ko indirimbo z’abanyamahanga ngo zari zigize imisi zihaye ikibanza hano iwacu ngo zigiye guca zihabwa amasanamu 24.

Abamukurikirana, naho harimwo abamushigikiye barindiranye inyota nyinshi iyo ndirimbo, harimwo n’abatamuha ni rwere kuko ngo yabasonzesheje igihe kirekire, kandi adasiba gusemerera ngo niwe gihangange muri uno muziki.

Muribo kandi harimwo n’abavuga ko uwo muririmvyi ashobora kuba afise ubwobw bw’uko indirimbo azosohora ishobora kutazoba ikomeye nka Beautifull yasohoranye na Meddy, ku buryo itazonegera aho iyo yageze.

Ubu biracagoye kumenya ico abivugako, kuko yishuye umuntu umwe gusa mu bagize ico bamubaza, aho yamwishuye ko ata wumusumba.

Mwokwibuka ko kuva ashira ahabona Ep yiwe atarasubira gushira hanze iyindi ndirimbo nshasha n’imwe, igiteye impungenge abafana biwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036