IKIRUNDI_news

Sat-B ntakiri uwa mbere yaronse Views nyinshi mu mwanya muto, ubu ni Yvan Muziki

Yvan Muziki yarakubise hasi umuririmvyi Sat-B mu kwuzuza Views 1,000,000 mu kwezi kumwe gusa indirimbo yiwe igiye ku rubuga rwa Youtube.

Mu gihe indirimbo Hug me ya Sat-b na Otile Brown isa n’iyiriko irasatira Views 900,000 mu kiringo c’amezi 2 kiburamwo imisi iharurwa ku ntoke, iya Yvan Muziki ariyo Urugo ruhire Rmx yakoranye na Masamba na Marina, yayihaye intambwe ikwiye.

Iyo ndirimbo itigeze ivurwa cane hano iwacu uno musi igeze kuri Views zirenga 1,200,000 mu kiringo c’amezi abiri nyene aburamwo imisi iharurwa ku ntoke. Urugo ruhire ikaba yeretswe abakunzi ba Youtube igenekerezo rya 3 munyonyo 2021, nayo iya Sat-B ikaba yatanguye kubonwa na bene Youtube igenekerezo rya 5 munyonyo 2021.

Izo ndirimbo zose zifise ama Like atari make, iya Sat-B ifise Likes 25,000 na Commentaires 3121, nayo iya Yvan Muziki ikaba ifise Commentaires 609 na Likes zirenga 12,000. Zose uko ari zibiri akaba ata dislike n’imwe zifise.

Mukamenya ko izo arizo ndirimbo 2 z’abarundi zasohotse uno mwaka zifise Views nyinshi mu mwanya muto cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037