kirundi_entertainment

Sat-b ntariko arabwa neza kuri Twitter kubera inzoga

Impari ni zose ku rubuga rwa Twitter rwa Sat-b kubera ugufuka inzoga zari kw’i foto yafotowe Aho bariko barangiza umwaka muri Ntare rushatsi House.

 

Abantu bakaba banatanguye guharira batumva impamvu umuntu afuka kw’ifoto inzoga ataguze. Bamwe bakabona ko ari akagaye, mu gihe abandi bo bamutahura.

Abo bamutahura bakaba bafatanya ico gikorwa yakoze hamwe n’amasezerano afitanye n’ihinguriro rikora inzoga rwa hano iwacu nyene ariryo Crown Royal, aho bishobora kuba bitemewe ko Sat-b amenyekanisha izindi nzoga atari izo za Crown Royal gusa.

Inzoga zafuswe zikaba Ari Inzoga zikorwa n’uruganda rwa Brarudi, Aho harimwo za Amstel, ama Fanta n’izindi.

Gushika twandike ino nkuru Sat-b akaba ata jambo na arimwe yari bwishure abariko bagira ico bashikiriza ku rubuga rwiwe rwa Twitter.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037