IKIRUNDI_news

Sat-b yagarutse ku bamuciye intege mu Buzima

Abarundi barayamaze ngo uwanka agakura abaga umutavu, nayo Mkombozi we ngo uwutera umugere igikere aba ariko aracunguruza, Sat-b we aca awuca umurya ngo uwamuciye intege niwe yamufashije gusumba. 

Inyuma y’ukuronka agashimwe kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27/3 ahawe a AJS, Sat-b yagize ico ashikirije ku rubuga rwa Facebook, biboneka ko bishobora kuba bifise aho bihuriye n’ako gashimwe yaronse.

Akoresheje ururimi rw’igifaransa kitashimwe canke ngo gitahugwe na boss, Sat-b yamenyesheje ko abamuciye intege mu buzima ngo nibo bamufashije gusumba abandi. Ayo majambo yaherekejwe n’ishusho yicaye, aho aboneka ko yari muri ARENA ahabereye ibirori vyo guhabwa ubwo bushimwe.

Mu babashije kugira ico bashikiriza kuri ayo majambo yaherekeje iryo shusho rimaze gukundwa n’abarenga 3000 ku rubuga rukurikirwa n’abarenga 168,000, habonetsemwo impari zitari nke z’impande zibiri; z’abatatahuye bagerageje gusiguza, hamwe n’iz’abafashe ukwo gusiguza nk’agasuzuguro kuri uwo muririmvyi.

Ukwo gushamirana kutabura kuboneka kuri izo mbuga ngurukanabumenyi z’ibihangange hano iwacu, kukuba kubonetse inyuma y’ako gashimwe bavuze ko bamuhaye kubera indirimbo yakwije Views zirenga 1,000,000, akerekana ko Uburundi butavogerwa.

Uwo muririmvyi nyene ku rubuga rwiwe rwa Instagram yashizeko ubundi butumwa, aho yashimiye abakunzi biwe kuba bamubaye hafi bakamuronsa ako gashimwe, akavuga ko yaronse ako gashimwe inyuma y’ukubura ubushika 9 ahantu atabashije gushikiriza. Ubwo butumwa bwaherekejwe n’ishusho ryari rimaze gukundwa n’abarenga 300 mu minota 30 rishizwe ahabona, iryo naryo rikaba ryamwerekana afashe mu ntoke ako gashimwe.

Ako gashimwe kakaba kaje inyuma y’akandi yaronkejwe mu mwaka wa 2019, n’ihiganwa Buja Music Awards 2019.

Ubwo bushimwe bwariko butangwa na AJS bukaba ari bumwe mu bwari bwaramutse butangwa uwo musi, kuko ku musi w’ejo nyene mu gisagara ca Bujumbura, hariko hatangwa akandi gashimwe k’umuririmvyi w’umwaka mw’ihiganwa Isanganiro Awards Edition y’9, aho umuririmvyi Double Jay ariwe yatahukanye ikibanza ca 1.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,021