homepage

Sat-b yitwaye asaba indishi y’akababaro karenga 100,000,000 z’amarundi

Sat-b ngo siwe yasavye Sauti Sol gukorana indirimbo, ahubwo ngo abo banya Kenya nibo bamusavye ko boririmbana. Ivyo akaba aheruka kubishikiriza mu kiganiro yagiranye na Buja Fm. Sat-b akaba yagiriyeko avuga ko abo baririmvyi aribo bazomenya ryari izoshirwa ahabona kuko izoba mu rukurikirane rwabo rushasha.

Sat-b yanagiriyeko avuga ko Wanda Boy aheruka kuvuga ko afise indirimbo yakoranye na Meddy ngo vyiza ntiyokwihenda ngo ayisohore, kuko be na Meddy bayifitiye umugambi wo kunayikorera Amasanamu.
Bamubajije ko iyo ndirimbo yoba ayifise canke ifise Wanda, Sat-b avuga ko bose uko ari 2 ngo bafise Draft kuko ngo ntirahera gukorwa. Akavuga ko iyo ndirimbo ibarizwa mu gihugu ca Tanzania mu nzu y’ubuhinyanyuzi iriko irayikora.

Uwo muririmvyi yanagiriyeko avuga ko mu kirego yashikirije mu butungane ngo indirimbo 2 zashizwe ahabona na Wanda ngo yazishize ku giciro c’imiliyoni 100 z’amarundi.

Mwokwibuka ko Sat-b yagirizwa amafaranga atari make na Wanda Boy, uwo nawe akavuga ko ataco amufitiye kuko ngo iyaba yarakimufitiye ngo aba yaramwitwariye

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686